Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mugisagara ca Bujumbura hamwe no mugihugu cose hazindutse haba imyiyerekano y’abanyagihugu batari bake aho bari bafise ivyapa biriko ubutumwa cane cane bwo kwiyamiriza igihugu c’uRwanda hamwe n’umukuru w’igihugu caco kubera uruhara igihugu c’uBurundi kivuga ko Urwanda rufise muguhungabanya umutekano mu Burundi.

Kurundi ruhande ,aba bariko barakora imyiyerekano bongeye gushimira cane ibihugu vyakoze ibishoboka vyose bikanka ko Abasirikare ba MAPROBU barungikwa mu Burundi.

648x415_illustration-gendarme-gendarmerie12717751_10205638715310788_5420012767311893406_n

Ibi bikaba bibaye inyuma yaho igihugu c’uRwanda gitungiwe agatoke n’amashiramwe ajejwe agateka k’impunzi hamwe n’igihugu ca reta zunze ubumwe bwa Amerika ko, ico gihugu kiriko kirinziza bamwe mu mpunzi bahunguye mw’ikambi ya Mahama mu Rwanda mu ntumbero yo kuza kugaba ibitero mu Burundi vyo gukura kubutegetsi Petero Nkurunziza

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply