Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mu nkino zo kurondera uburenganzira bwo kuja gukina inkino zanyuma z’igikombe c’isi kizobera mu gihugu ca Russia ,umurwi nserukira gihugu wa Bresil wakosoye bimwe bikomeye umurwi wa Argentine wa Lionel Messi .

Ku kibuga ca Estadio governador pinto,umurwi wa Bresil uri imbere yabakunzi bawo ,unabifashwijwemwo nabakinyi babo nka Neymar asanzwe akinira Fc Barcelona hamwe na Coutinho asanzwe akinira Liverpool ,batsitse umurwi wa Argentine wa Lionel Messi  ibitsindo 3 vyose kuri 0 .

Ibi bitsindo vy’umurwi wa Bresil bisa nivyaboroheye kuronka kuko ,2 murivyo bitsindo  vyinjijwe  mu gice cambere c’urukino aho icambere c’injijwe na Coutinho  kumunota wa 25 w’urukino kumupira waruje uvuye kwa Neymar ,mugihe ikindi kigira kabiri cinjijwe na Nyemar kumunota wa 45 w’urukino kumupira waruvuye kuri Gabriel Jesus.

Mugihe Neymar vyaboneka neza ko yishimiye intsinzi yiwe ,kuruhande rwa Lionel Messi hoho wari umubabaro uvanze nagahinda

Mugihe Neymar vyaboneka neza ko yishimiye intsinzi yiwe ,kuruhande rwa Lionel Messi hoho wari umubabaro uvanze nagahinda

Iyi ntsinzi ya Bresil yabandanije no mugice ca kabiri , kuko kumunota wa 58 w’urukino ,Paulinho yaciye ashirayo ikindi gitsindo kigira 3 biba bibaye ibitsindo bitatu ku busa bwa Argentine ,urukino ruhera umurwi wa Argentine utigeze wishura na kimwe.

Iyi ntsinzi rero ya Bresil yatumye uyu murwi uca uza imbere mu mirwi 10 yo muriAmerika y’ubumanuko,mugihe Argentine ya Lionel Messi waciye uja mu kibanza cagatandatu mu mirwi 10 iriko irahiganirwa kuja gukina igikombe c’isi muri Russia mu mwaa wa 2018.

Fyonda ngaha ubandanye ukurikirana amakuru yacu kumwanya kuri Facebook

 

.


Categories: Amakuru, Inkino, Muhira

Leave a Reply