Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Ihinguriro ry’ibinyobwa mu Burundi  BRARUDI (Brasseries et Limonaderies du Burundi) ryasohoye ikinyobwa gishasha kizoba gihinguwe mu Bitoke .

“Nyongera Akiwacu” nico kinyobwa gishasha  casohowe kuruyu wa gatandatu igenekerezo rya 10 kigarama 2016 mu Ntara ya gitega n’ishirahamwe rihinguriro ibinyobwa mu Burundi ariryo BRARUDI (Brasseries et Limonaderies du Burundi) .

Nkuko vyatangajwe n’umukuru wa BRARUDI bwana Jordi Borrut ,yamenyesheje ko ikinyobwa “Nyongera akiwacu” ari nkaho gisa nk’ikinyobwa benshi bakunda kitwa “Urwarwa”ariko ko “Nyongera akiwacu “coco kizoba gikozwe hisunze ibipimo hamwe n’ubuhinga bwa none.

Jordi Borrut yabaye mubambere bumvirije kukinyobwa “Nyongera akiwacu”

Ikinyobwa nyongera akiwacu kikaba casohotse kigurwa amahera y’amarundi  agera kuri 1100FBU ndetse uburongozi bwa BRARUDI bukaba bwamenyesheje ko kigiye gutangura gu curuzwa mu Burundi hose.

Ikinyobwa “Nyongera akiwacu ”  gikozwe mu Bitoke kikaba gisizwe kumugaragaro inyuma y’ikindi kinyobwa caheruka gushigwa hanze citwa “Nyongera” iki naco kikaba cari cakozwe mu Masaka.

 

Fyonda ngaha ubandanye ukurikirana amakuru yacu kumwanya kuri Facebook


Categories: Muhira

2 Responses so far.

  1. Mwirinde ibiboteza (1Petero 5:8)b

  2. Mwirinde ibiboreza (1Petero 5:8)

Leave a Reply