Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Umukuru w’igihugu ca Benin araza gushika mumasaha y’umuhingamo mu gisagara ca Bujumbura muntumbero yo kubonana n’amugenziwe w’uBurundi kugira baganire kukibazo c’uBurundi kimaze imisi gisasika inganda.

Nkuko ubumwe bwa buruyaha (UE) hamwe n’ishirahamwe ry’ibihugu vya Africa (U A) biheruka gufata ikibazo muntoke c’uBurundi muntumbero yo gusaba abatavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe n’abari mubutegetsi kuja mu nzira y’ibiganiro ,ayo mashirahamwe nyene yongeye gusaba  BONI YAYI  umukuru w’igihugu ca Benin  ko yokwishikira mugihugu c’uBurundi kugira arabe ko yosaba impande zose zikaja mu biganiro bihuza bose.

Iyi  ngingo ikaba yashitseko mu nama yariko irahuza igihugu c’uBushinwa (CHINE )hamwe n’ibihugu vya Africa ,muriyo nama niho umukuru w’ubumwe bwa Africa ,umupfasoni  Nkossazana Dlamini Zuma yasaba umukuru w’igihugu ca Benin ko yonyarukira muBurundi vuba bishoboka muntumbero yo gusaba impande zose zishwamirianye kuja muBiganiro.

Nkuko amakuru ava mugihugu ca Africa yepfo ahariko harabera iyo nama yabandanije abivuga ,uyu mukuru w’igihugu ca Benin bwana BONI YAYI yahisemwo kuko hari vyinshi asanzwe asangiye n’amugenziwe w’uBurundi ,aha twovuga nko kuba bose basanzwe basenga mw’idini ryabakizwa  (évangélistes ) ndetse n’ibihugu bose barongoye bikaba bisanzwe bihurikiye mw’ishirahamwe francofonie(OIF)

Iyi ngingo ikaba yafashwe inyuma yo kubona ko uwarasanzwe yarahawe gukurikirana iki kibazo asa naho ataco ariko arashikako kugira impande zirabana ayingwe zumvikane,uyu yari yahawe iki kibazo akaba ari bwana Museveni KAGUTA ,umukuru w’igihugu ca Uganda,uyu nawe akaba ahangayikishijwe n’ukwiyamamaza kugira asubire kuba umurongozi w’ico gihugu.

Bikaba rero vyitezwe ko umukuru w’igihugu ca Benin ,bwana Boni YAYI aza gushika mugisagara ca Bujumbura mumasaha y’umuhingamo kugira abonane namugenziwe w’igihugu c’uBurundi ,muntumbero yo kumusaba yo yaganira n’abo batavuga rumwe.

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply