Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Blatter na Platini bahoze  ari ibihangange mu mupira w’amaguru kw’isi bahawe igihano c’imyaka 9

Inyuma yo kwagirizwa ibiturire mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi hamwe n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru iburayi bwana BLATTER yahora arongora ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi hamwe na PLATINI yahora atwara iri shirahamwe kumugabane w’iburayi bamaze guhanwa n’amategeko.

Nkuko vyatangajwe n’ishirahamwe ry’umupira wamaguru kw’isi uyumusi kuwa 21 kigarama 2015,abayobozi biryo shirahamwe bamenyesheje ko aba bagabo babiri bahoze ari ibihangange mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi ko bahawe igihano c’imyaka icenda(9)badashobora gukora igikorwa nakimwe muvyerekeye umupira w’amaguru.

Ibi bihano bije inyuma yaho aba bose babiri bagiririjwe kurya ibiturire ndetse bakanajanwa imbere y’ubutungane ,kuko bagirizwa kurya ibiturire vyamafaranga menshi cane ndetse bakanagirizwa guhabwa amafaranga kugira baze baremeza ibihugu vyoberamwo igikombe c’isi.

Iki kibazo caba bagabo 2 kikaba caranateye impari muriryo shirahamwe inyuma yaho iryo shirahamwe rifatiye ingingo yo guha igihugu ca QUATAR gutegura igikombe c’isi.

Tubibutse ko ubu ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi yose ririko riratwarwa n’umunyafirika asanzwe afise ubwenegihugu bwa Cameroon uwo nawe akaba ari ISSA HAYOUTE .


Categories: Amakuru, Inkino, Muhira

Leave a Reply