Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Bavugira kukinyamakuru Reuters kimwe mubinyamakuru vyo mumakungu bikorera mugihugu c’uBurundi urwaruka rw’imisore y’abarundi ,rusanzwe  ruba muri zimwe  muma karitiye yiyamirije ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza rwiyemereye neza kumugaragaro  kwarirwo rwama rutana mumitwe n’abapolisi mumasaha yo mwijoro.

Nkuko uru rwaruka rwabishikirije rwamenyesheje  ico kinyamakuru ko umurwi wabo atazina ugira ariko kandi katari n’umurwi wabarwanyi nkuko benshi bakunze kubivuga,ahubwo ko bahisemwo gufata ibirwanisho kugira bikingire .

Uru rwaruka rwabandanije ruvuga ko icatumye bafata ibirwanisho aruko ,inyuma yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza ,ababikoze baciye batangura guhigwa buhongo n’abajejwe umutekano na cane cane aba polisi.

Uru rwaruka rwari rugizwe n’abahungu bimisore igera nko kuri 10 babonetse bambaye impuzu z’abanyagihugu mugihe abandi baba bambaye impuzu z’igisoda,ndetse banaboneka banafise inkoho nyishi zo mubwoko bwa Karashinikove.

Uru rwaruka rwabandanije rwemeza neza ko umutekano wo mumasaha yo kumugoroba aba aribo bawujejwe murayo ma karitiye (quartier)kandi ko abajejwe umutekano badashobora kuhaturukira kuko baca batana mu mitwe nabo.

Ibi vyose bibaye inyuma yaho hamaze imisi mumasaha y’umugoroba canke ijoro ry’iteye mugisagara ca Bujumbura hakunda kwumvikana amasasu menshi cane ,hamwe no gutera ama grenade mugisagara ca Bujumbura.

Raba hasi amafoto yurwo rwaruka hamwe na Video

CUkNXlLUkAA-RSL CUkNXNoUEAA4CmH


Categories: Muhira

Leave a Reply