Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Turi kwibarabara ry’icenda (9)mw’izone ya Mutakura imwe mumazone yagiye ararangwamwo ubwicanyi budasanzwe kuva ukwiyamiriza ikiringo cagatatu ca Petero Nkurunziza vyatangura.Kuruyu wa 29 ruhuhuma2016 muriyo zone nyene ya Mutakura ,habonetse ikinogo  rusangi c’imetero zishika kuri 10  cahabwemwo abantu .

Nkuko vyiganwa n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura ,umushingantaheFreddy Mbonimpa ,yamenyesheje ko iki kinogo catowe muri Karitiye ya Mutakuru kw’ibarabara ry’icenda murupangu rw’inzu biboneka kwimaze igihe atamuntu ayibamwo.

Ikinogo cahabwemwo aba bantu gipima imetero 12

Ikinogo cahabwemwo aba bantu gipima imetero 10

Iki kinogo cabonetse kumutakura cakuwemwo ibisigarira vyabantu 3 bari bashizwe mu mimifuko nibindi bintu bimeze nk’imisegetera ,Igipolisi kikaba camenyesheje ko cashitse kurico kinogo kibifashijwemwo nabamwe mubahora bari mu mirwi igwana bakaza kwishikana kugipolisi c’uBurundi.

Kubw’umukuru w’igisagara ca Bujumbura,umushingantahe Freddy Mbonimpa yegeka ubwo bwicanyi ku biyamirije ikiringo cagatatu ca Petero Nkurunziza ,kuko imisore iheruka kwishikana kugipolisi Ikaniyemerera kwinahungabanya Umutekano Ariyo Yerekanye Ahari Ico Kinogo rusangi.

Umwe muberekanye ivyo binogo

Umwe muberekanye ico kinogo

Ibi bikiba igipolisi cihutiye gufata abantu 2 bise bacuruza amakara ,aba bafashwe akaba aribo bikekwako kuba bari mubakoze iryo bara ,umwe yafatiwe ku mutakuru ,mugihe uyundi yafatiwe muri zone ya Kinama.Umwe murabo babiri bafashwe yemeje ko murico kinogo harimwo abantu bagera kuri 30 ndetse ko no mubasizemwo yarimwo.

Igipolisi kikaba camenyesheje ko kigiye kubandanya gihiga ivyo binogo rusangi ndetse no kubandanya hakorwa amatohoza kugira ababikoze bose batabwe muri yompi.

Ivyo Binogo Bitanguye Kuboneka Mu Gihe Abahinga Mu Vy-agateka Ka Zina Muntu Ba ONU Bazoshika Uyu Wakabiri Kugira Amatohoza Ku Mabi Yakozwe Kuva Hatanguye Imyiyerekano.

Ibisigarira vyabantu vyakuwe murico kinodo

Ibisigarira vyabantu vyakuwe murico kinodo

Tubibutse ko mukwezi kwa nzero  ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe agateka kazina muntu Amnesty International ryari ryatangaje ko mu Burundi hari ibinogo rusangi vyahambwemwo abantu ,aho ryari ryavuze bimwe mu bibanza nka Buringa kiri mu ntara ya Bubanza ahasanzwe hegeranye n’irimbi ry’abapuye.

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply