Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma yo kubona ko mukuru wiwe umuziki umutunze ndetse yabaye icamamare mukarere ka Africa y’uBuseruko kubera umuziki ,PeterMugani batazira Mugani Boy asanzwe ari mutoya wa Big fizzo agiye gukorana indirimbo na mukuru wiwe.

Nkuko yabitangaje ,Peter Mugani yamenyesheje ko vuba cane bidatevye agiye gushira hanze indirimbo azoba yakoranye na Mukuru wiwe(Big Fizzo) iyo ndirimbo ikaba izosohoka yitwa” Forever”

12552634_1733655833524675_6904099189088809972_n

Nkuko vyatangajwe na Peter Mugani batazira Mugani Boy ,Iyi ndirimbo yabo izokorwa n’umwe mubahinyanyuzi basanzwe bemerwa cane ngaha iBurundi ariwe Lizer Classic kandi ikaba izoja ahabona mumisi mike igiye kuza.

Tubibutse kwazoba arubwambere umuririmvyi Big Fizzo azoba akoranye indirimbo n’uwo bavukana,ibi bigashobora gutuma uyu musore akiri muto cane ashobora kuca aduga neza cane mu muziki w’uBurundi kuko yoba atanguriye kurwego rwiza.

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Muhira, Umuziki

Leave a Reply