Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mugihe ibihugu vy’ubumwe bwa Africa biheruka kwanka irungikwa ry’ingabo ibihumbi 5000 vya MAPROBU zari zemewe ko zigira zize mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano ,ibintu bisa naho vyamaze kuva muri Africa ahubwo buja mumaboko y’igihugu c’uBubirigi .

Nkuko umushikiranganji w’igenderanire n’ayandi makungu w’igihugu c’uBubirigi bwana Didier Reynders yabimenyesheje ,yavuze neza ko mugihe reta ya  Petero Nkurunziza yokwanka kuja mu Biganiro bihuza bose atawuvuyemwo na cane cane abahunze ko igihugu ciwe citeguye kuca kiza guhagararika ubwicanyi buriko burabera mu Burundi kunguvu.

Didier Reynders yashikirije ibi inyuma yaho ejo habereye ibitero vya Grenades mugisagara ca Bujumbura hagati bigahitana umuntu umwe mugihe vyakomerekeje abantu umunani .

Raba hasi Vide y’ukuntu Dider Reynders yabishikirije kumbonesha kure y’ubufaransa france 24.

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Muhira, Mumakungu

Leave a Reply