Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Ubuserukizi bw’igihugu c’uBubirigi busanzwe buri mugihugu c’uRwanda bubicishije kuri Arnout Pauwels asanzwe aserukira ubu Birigi murico gihugu bwamenyesheje ko hatanzwe amahera yamanyaburaya angana na 1.5 million ,agiye kuja mugikorwa co gufasha impunzi zabarundi  zisanzwe zarahungiye mugihugu kibanyi c’uRwanda

Nkuko bwana Arnout Pauwels aserukira uBubirigi mugihugu c’uRwanda  yabandanije abimenyesha yamenyesheje ko ayo mahera azotangwa kumpande zibiri .

Bwana  Arnout Pauwels yavuze ko amahera angana na 1million yamanyaburaya azohabwa ishirahamwe mpuzamakungu UNHCR (United Nations High Commissioner for Refugees)kugira bazobashe gufasha izo mpunzi atamananiza bahura nayo ,mugihe ayandi azoba asigayigaye azohabwa  WFP(World Food Programme) isanzwe yitaho ivyimfungurwa kubuzima bw’impunzi.

Kuruhande rwa Azam Saber asanzwe aserukira imbere yama tegeko UNHCR mugihugu c’uRwanda yamenyesheje ko yishimiye cane iyo mfashanyo yu Bubirigi ,anamenyesha ko ayo mahera bagiye kuronka kwazobafasha guha amazi meza bongere bubakigwe n’amatangi yamazi kuko ngo vyari mubibazo binini bihanze  impunzi  zabarundi ziri mwikambi ya Mahama mugihugu c’uRwanda.

Aha Twobibutsa ko mucegeranyo cagizwe na  UNHCR cemeje ko mw’ikambi ya Mahama hari impunzi zabarundi zigera kubihumbi 70 (70.000) aho benshi ari abaturuka muntara zo muburaruko bw’igihugu c’uBurundi nka cane cane intara ya Kirundo.

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply