Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Munkino z’igikombe co kumugabane w’iburayi arizo champion league umurwi wa Arsenal warumaze imisi witwara neza watsinzwe bimwe bikomeye na Bayern ikipe isanzwe iri muri 3 zikomeye kw’isi ,naho kurundi ruhande umurwi wa Chelsea warumaze imisi mubibazo bidasanzwe wihagararako utsindira Dinamo Zagreb i Stamford Bridge kukibuga cayo.

Bayern nishavu ryishi na cane cane ko yashaka kwihora y’ihanije umurwi wa Arsenal

Urukino rwahuje umurwi wa Bayern na Arsenal ntirwari rworoshe nagato kuko ,umurwi wa Bayern washaka gutsinda kandi wongere unihore ivyo arsenal waheruka kuyikorera mubwongereza aho bariko barakina urukino rwambere ,aho uwo murwi wa Arsenal wari washoboye gutsinda Bayern ibitsindo 2 vyose kuri 0 ya Bayern.

Urukino rwatanguye umurwi wa  Bayern ufise ishaka ryinshi cane ryo gushaka gutsinda igitsindo cawo c’ambere kuko wabona ko banyotewe igitsindo ,ivyo ntibatevye kubigerako kuko umusatirizi wabo w’imbere ariwe  Lewandowski yaciye abaha igitsindo c’ambere kumunota wa 10 gusa w’urukino,ivyo n’ivyababujije kuguma basatira cane umurwi wa Arsenal kuko bashaka gutsinda ibitsindo vyinshi bishoboka.

umurwi wa  Bayern wari imbere y’isinzi yabarorerezi bawo wabandanije usatira cane arsenal gushika yaho baza kuja mugice c’ambere bamaze kw’inziza ibitsindo 3 vyose kubusa bwa Arsenal,ivyo navyo bikaba vyinjijwe na Muller kumunota wa 29 hamwe na Alaba kumunota wa 44 kuruhande rwa Bayer.

Bagarutse mugice ca kabiri naho ubona bashaka kuguma batsinda ibitsindo vyinshi ,ivyo bikaba vyabatumye banabona n’ibindi bitsindo 2 mugice ca kabiri bituma ikipe ya Bayer igira bitanu .

Naho kuruhande rwa Arsenal yari yagiye gukinira kukibuga ca Bayer yashoboye kwinziza igitsindo kimwe rudende cinjijwe n’umusatirizi wabo Giroud ,kumunota wa 69.

Iyo mirwi yose uko aribiri ikaba yari muri groupe F ,ariko iyo ntsinzi ya Bayern ikaba iciye iyuma Bayern iguma kw’isonga n’amanota 12 mugihe Arsenal iza kumwanya wanyuma n’amanota 3 gusa.

12204721_993897777299410_563172736_n

Robben y’ishimiye igitsindo yarahejeje kw’inziza kumunota wa 55 ,aka yacinjije kumupira wambere yakozeko mugihe yarasimbuye migenziwe Coman kumunota wa 54

Roben yishimiye igitsindo ciwe

Kuruhande rwa Chelsea hoho isa n’iyazutse kuko yatsinze urukino yariko iratana mumitwe na Dinamo Zagreb 

Bivanye n’ibihe bibi iyi kipe ya Chelsea yarimazemwo imisi aho yaguma itsindwa umusi kumusi ntanumwe yayiha amahigwe yo kuza kuva imbere ya Dinamo Zagreb .

Chelsea  rero ikaba yashoboye gutsinda urwo rukino naho yarutsinze bigoranye kuntsinzi y’ibitsindo 2 kuri kimwe ca Dinamo Zagreb .

Ibitsindo vya chelsea bikaba vyabonetse kumunota wa34 aho umukinyi w’inyuma wa Dinamo Zagreb yaza kwitsinda igitsindo cambere naho icakabiri kiboneka kumunota wa 83 kumupira mwiza watewe na William umusore wumunya Bresil asanzwe akinira chelsea, mugihe kuruhande rwa Dinamo Zagreb igitsindo cabo rudende cabonetse kumunota wa 78 w’urukino c’injijwe na Dragovic  ,akaba ari nawe yari yitsinze igitsindo mugice ca mbere.

Iyi ntsinzi ikaba iciye iyuma umurwi wa Chelsea uza kumwanya wa 2 namanota 7 muri groupe G ,mugihe kumwanya wambere hagumye umurwi wa FC Porto wo muri Portugal

12202231_993899810632540_1229390994_n

 


Categories: Amakuru, Inkino, Muhira

Leave a Reply