Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mugihe umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe bwa Amerika ahangayikishijwe cane n’abana hamwe n’abanyagihugu bamaze igihe baraswa n’abantu bafise inkoho ,kuncuro yambere vyamunaniye kwihangana ,araturika ararira imbere y’isinzi yabantu.

Barack Obama vyamunaniye kwihangana mugihe yariko arashikiriza ingingo hamwe n’ishaka ubutegetsi bwiwe bugiye gukoresha kugira bwake ibigwanisho abanyagihugu bakunda gukoresha mukwica bagenzi babo.

Barack Obama ariko arihanagura amarira

Barack Obama ariko arihanagura amarira

Mwijambo  yavuganye agahinda kenshi n’ishavu ryinshi bwana  Barack Obama yamenyesheje kwakunda  gutegwa agahinda n’amarira n’ abana barasiwe kw’ishure rya Ecole de Sandy Hook  mu kwezi kwa kigarama 2012 ,Barack Obama akivuga uko amarira yamutanze hasi araturika ararira.

Barack Obama akaba agiye gufata iyi ngingo yokwiga kukibazo c’ibigwanisho inyuma yaho amashirahamwe mpuzamakungu kw’isi amenyeshereje ko abantu bashika 950 aribo bishwe mu mwaka wa 2015 barashwe .

Raba hasi Video ya Barack Obama ariko ararira.

 


Categories: Amakuru, Muhira, Mumakungu

Leave a Reply