Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma y’umwaka urenga abarundi barenga ibihumbi 250.000 bahunguye hanze y’uBurundi mu bihugu nka Tanzania ,Rwanda ,RDC hamwe n’ibindi biri muri Afrika y’ubuseruko ,bamwe mu barundi mu bari bahungiye mugihugu kibanyi c’uRwanda batanguye gutahukabasubira mu miryango yabo.

Aba banyagihugu bavuye mu buhungiro bagizwe ahanini n’abanyagihugu bo mu Ntara ya Kirundo isanzwe ihana urubibe n’igihugu c’uRwanda .

Abanyagihugu bakirwa kumupaka w'urwanda n'uBurundi

Abanyagihugu bakirwa kumupaka w’urwanda n’uBurundi

Aba bahungutse bakaba bakiriwe n’abategetsi bo mu Ntara ya Kirundo imbere yogusubira mu mihana yabo bahoramwo imbere yo kuja mu Buhingiro

Tubibutse ko igihugu c’uRwanda gisanzwe gihaye uBuhungiro abarundi barenga ibihumbi 70.000 bava mu Ntara zitandukanye z’uBurundi.

Bamwe mu banyagihugu batahutse

Bamwe mu banyagihugu batahutse

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………


Categories: Amakuru, Burundi, Muhira

Leave a Reply