Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Bamwe mu banyamategeko  basanzwe bihuriye murunani PALU(Pan African Lawyers Union ) rwo muri Africa  batanguye gusaba ubutungane bwo muri Africa y’uBuseruko kwirukana burundu igihugu c’uBurundi mu muryango wa Africa y’uBuseruko .

Aba banyamategeko basanzwe bahuriye muri PALU batanguye kwumvirizwa umbere ya Sentare ya Africa y’ubuseruko kuruyu wa mbere igenekerezo rya 13 ruheshi 2016 kugira basigurire abasanzwe bajejwe sentare ya Africa y’ubuseruko impamvu nyamukuru uBurundi bwokurwa muruwo muryango vy’ibihugu vya Africa y’ubuseruko.

Donald Omondi Deya Umunyamabanga nshingwabikorwa aserukira PALU imbere y'amategeko ari imbere ya sentare ya Africa y'ubuseruko ariko arasigurira abanyamategeko ba Africa y'ubuseruko imvo nyamukuru bafashe iyo ntumbero yo gusabira uBurundi kuva muri East AFRICA

Donald Omondi Deya Umunyamabanga nshingwabikorwa aserukira PALU imbere y’amategeko ari imbere ya sentare ya Africa y’ubuseruko ariko arasigurira abanyamategeko ba Africa y’ubuseruko imvo nyamukuru bafashe iyo ntumbero yo gusabira uBurundi kuva muri East AFRICA

Donald Omondi Deya  akaba yasavye abanyamategeko bari muri sentare ya Africa y’ubuseruko gukura vyihuta uBurundi muri Africa y’ubuseruko kubera igihugu c’uBurundi kitigeze cubahiriza amasezerano y’umuryango wa Africa y’ubuseruko.

Twobibutsa ko kw’igenekerezo rya 11 ndamukiza 2016   ariho   aba banyamategeko bari barungiiye sentare y’ibihugu vya Africa y’ubuseruko urwandiko  rugizwe n’ingingo 97 zose zirega reta y’uBurundi .


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply