Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Bamwe mu misore yahora ihangana n’igipolisi kumusaga ,imwe mu mazone ari mubumanuko bw’igisagara ca Bujumbura ngo yoba yamaze kw’ishikane imbere y’inzego z’umutekano.

Nkuko vyashikirijwe n’umuvugizi w’igipolisi c’uBurundi bwana Pierre Nkurikiye yerekanye bamwe mu basore bakekwako iterabwoba mu gisagara ca Bujumbura ,ndetse anashikirza ko bishikanye.

Abicishije kurukuta rwiwe ngurukana bumenyi rwa Twitter ,Pierre Nkurikiye yashikirije ko bamwe mubasore bahora batera umutekano muke mugisagara ca Bujumbura bishikanye ndetse ko baza kugira ico bashikirije kubanditsi n’abamenyesha makuru .

Aya akaba ariyo majambo Pierre Nkurikiye yanditswe kurukuta rwiwe rwa Twitter

Aya akaba ariyo majambo Pierre Nkurikiye yanditswe kurukuta rwiwe rwa Twitter

Naho bimezuko ,abasanzwe batavuga rumwe na Reta ya Petero Nkurunziza bagiriza Pierre Nkurikiyekwivyo ariko arakora bisa na ninde canke inkinamico .

Kurundi ruhande hari abavuga ko aba basore bashika bane boba bahawe amahera ,bongera bemeregwa n’ubundi burusho n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura  Freddy Mbonimpa kugira bakore ico gikorwa.

Aba kw'ifoto n'ibi berekanwe ko bishikanye

Aba kw’ifoto n’ibi berekanwe ko bishikanye

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply