Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mu gihe habandanya igenwa ryabatwara canke baserukira abarundi baba mu makungu  kumpannde zose zine zigize isi haba muri Europe ,Asia , Amerika .Ocean tutubagiye na Africa ,Japhet Legentil Ndayishimiye ajejwe ico gikorwa abandanya yerekana abo yagenye ngo baserukire abandi murivyo mu bihugu vyari bisanzwe bidafise ababiserukira.

Nkuko vyatangajwe na Japhet Legentil Ndayishimiye asanzwe ajejwe ico gikorwa kuruyu musi w’igenekerezo rya 17 gitugutu 2017,umwe mubana ba Willy Nyamitwe nawe yahawe amabanga yo guserukira abandi muri Asia.

Bitangazwa n’ikinyamakuru cegereye ubutegetsi arico “ikiriho.bi”cemeje igenwa rya Glynis Carrel Nyamitwe Nishemezwe nk’umurundi agiye guserukira abarundi basanzwe baba mugihugu ca Chine vy’imfata kibanza.

Glynis Carrel Nyamitwe Nishemezwe kw’ifoto arikumwe na se wiwe Willy Nyamitwe

Aha tukabibutsa ko igenwa rya Glynis Carrel Nyamitwe Nishemezwe nkuwugiye guserukira abarundi baba muri chine vy’imfata kibanza ryaje rikurikanye nigenwa ryabagiye guserukira abarundi baba muri Russie na Sudan y’epfo hamwe na Espagne.

Fyonda ngaha ubandanye udukurikira kuri Facebook bikworoheye


Categories: Amakuru, Burundi, Muhira, Politic

One Response so far.

  1. bigirindavyi emile says:

    Ivyo vyari mundoto zabenshi.isi niyatwese nuko tworengera ibidutandukanya tukagira ijambo mumakungu.courage notre burundaise! Ducire inzira tuduze ibendera ry’uburundi mumakungu

Leave a Reply