Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Rimwe mumabarabara yo  mugisagara ca Bujumbura risanzwe rikoreshwa cane n’abanyagihugu bo mugisagara ca Bujumbura ariryo avenue de la mission ryasubiwemwo gukorwa  rirasanurwa inyuma y’igihe kinini rirangwamwo ibinogo hamwe n’umwanda mwishi

Kubazi iri barabara kuva mumyaka yahera bisa naho ryari riteje isoni igisagara ca Bujumbura kuko umuntu ariko araricamwo yagenda aca mubinogo gusa,ndetse nabagendesha imiduga baricamwo bidoga cane kuko bagenda baragwana n’ibinogo vyari muriryo barabara.

Ubu rero iri barabara  ryitiriwe  avenue de la mission  ryamaze guhezwa kusubirwamwo  neza bimwe biteye igomwe ,ndetse n’ivyapa vyerekana uruja n’uruza rwabantu hamwe n’amamodoka bikaba vyahasizwe ,ikindi gishasha cibonekeje n’amashugwe yatewe kuruhande rw’iryo barabara kugira risharizwe .

Ibikorwa vyo kubaka iri barabara hamwe nayandi yo mugisagara ca Bujumbura yarasanzwe yarononekaye kikaba catanguye itariki 17 ruhuhuma ,aho ivyo bikorwa vyatangujwe n’uwahoze ari umushikiranganji w’intwaro yo yagati mugihugu arikumwe n’uwahoze atwara igisagara ca Bujumbura.

Ibi bikorwa bikaba vyafashwe mumugongo n’ishirahamwe mpuzamakungu PNUD

Raba ifoto hasi y’iryo barabara rya  avenue de la mission ryamaze gusubirwamwo

12186617_10153795522303846_8433137892818025353_o (1)

 


Categories: Muhira

Leave a Reply