Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Aherekejwe n’abagenziwe bajejwe guharanira agateka kazina muntu kw’isi yose basanzwe bari murunani Amnesty international,Pierre Claver Mbonimpa ,asanzwe aharanira gateka k’umunyororo mu Burundi abicishije mw’ishirahamwe APRODH ,bazindukiye kugira imyiyerekano imbere y’ubuserukizi bw’uBurundi mu gihugu c’uBubirigi(Belgique) mugice ca  Marie-Louise à Bruxelles.

Iyi myiyerekano yakozwe na naba basanzwe baharanira agateka kazina muntu ,yarifise intumbero yo gusaba guhagarika ihohoterwa rikorerwa kiremwa muntu mu Burundi na cane cane muriyi misi ,uburundi bumazemwo iryane za Politike hamwe n’ubwicanyi buguma bwibonekeza umusi kumusi,hamwe no kwibutsa ibinogo rusangi iri shirahamwe  nyene Amnesty International, ryavuze ko biri mu Burundi mugice ca Buringa mu Ntara ya Bubanza.

Abari baje muriyi myiyerekano bari baje bambaye impuzu zifise ibara ryirabura hamwe nibara rya Mauve ,vyerekana ibara ry’ikigandaro mu Burundi.

Amnesty International ikaba yasohoye icegeranyo kimenyesha ko abantu bagera kuri 439 aribo bamaze gusiga ubuzima mu ryane zo mu Burundi kuva mu kwezi kwa ntwarante mugihe abarenga 240.000 bamaze guhunga igihugu bakaja mu bihugu bibanyi nk’uRwanda ,Tanzania,na Congo

KW'ifoto Pierre Claver Mbonimpa n'abagenziwe bo mwishirahamwe Amnesty International imbere y'inyubakwa yubuserukizi bw'uBurundi mu Bubirigi

KW’ifoto Pierre Claver Mbonimpa n’abagenziwe bo mwishirahamwe Amnesty International imbere y’inyubakwa yubuserukizi bw’uBurundi mu Bubirigi

Tubibutse ko ,Pierre Claver Mbonimpa akaba ubu abarizwa mugihugu c’uBubirigi inyuma yaho ahakiwe kugandagurwa arashwe n’umuntu ataramenyekana munyuka akaca aja kuvugirirwa mugihugu c’uBubirigi ariyo naho ubu abarizwa gushika aya mango.


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply