Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mugihugu ca Arabie Saudite abantu bagera kuri 47 bamanitswe abandi bicwa bakaswe amazosi kubera ukwagirizwa ubukozi bwa nabi bushingiye kubikorwa vyiterabwoba.

Mubisanzwe iki gihugu ca Arabia Saudite gisanzwe gifise igihano co gupfa mumategeko yacu nkuko n’ibindi bihugu vyinshi vyaba islam usanga bifise aya mategeko ,muntumbero yo guhasha ababa bakora ibitajanye n’amategeko agenga ibihugu vyabo,Abarongozi rero ba Arabie Saudite bakaba batanze uruhusha kuruyu wa gatandatu itariki 2 nzero 2016  rwo kumanika abashika 47 bafashwe mubikorwa vy’itera bwoba(terrolisme) murico gihugu ca Arabia Saudite.

Abamanitswe bamwe basizwe kw'ibarabara kugira hatangwe icigwa no kubandi bagifise iciyumviro c'iterabwoba canke ubwicanyi

Abamanitswe bamwe basizwe kw’ibarabara kugira hatangwe icigwa no kubandi bagifise iciyumviro c’iterabwoba canke ubwicanyi

Nkuko amakuru ava murico gihugu abivuga ,yemeza ko murabo bamanitswe abenshi muribo bari bafashwe kubera ibikorwa vy’iterabwoba (terolisme )yvagiye birarangwa murico gihugu ndetse kuva mumwaka wa 2003 gushika muri 2006,ndetse benshi bakaba bari mumurwi wa  Al-Qaeda,uyu nawo ukaba uzwiko ibikorwa vy’iterabwoba kw’isi yose nokwica abantu binzirakarengane benshi cane.

Muraba bamanitswe hari harimwo Shia cleric Sheikh Nimr al-Nimr umwe mundongozi zo mw’idini rya Islam yari yafashwe yagirizwa kugira uruhara mubitero vyabaye murico gihugu mumwaka wa 2003 .

Shia cleric Sheikh Nimr al-Nimr ari nawe mubamanitse

Shia cleric Sheikh Nimr al-Nimr ari nawe mubamanitse


Categories: Amakuru, Muhira, Mumakungu

Leave a Reply