Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Muri reta zunze ubumwe za Amerika ,abasanzwe baryamana bahuje ibitsina bazwi nkaba Gay  ntiborohewe nagato kuko intwaro ya Donald Trump itaberekwa na gato ndetse ivyo bakora  bisigaye bifatwa nk’icaha kidasanzwe kuva aho Donald Trump atsindiye amatora.

Mwijoro ryo Kuwa   gatatu igenekerezo ryi 9,munyonyo 2016 ,bamwe mubasore bavuga ko bashigikiye Donald Trump bakubise uwundi musore mugenzi wabo barikumwe mu kabare bamuhora kwari muri bamwe baryamana  bahuje  ibitsina(gay )

Uyu yakubwise ni ,Chris Ball ,ava mi gice ca Santa Manica ,akaba ari murwaruka rwari ruzwi ko rusanzwe ruhuza ibitsinda ndetse runashigikiye abasanzwe bahuza ibitsina babisangiye.

Chris Ball  rero ntiyorohewe na gato kuko yakubiswe nabagenzi biwe ,bamuziza kwari mu basanzwe bahuza ibitsina babisangiye .

222

Iyi nkuru yikubitwa rya Chris Ball yemejwe kandi na mugenziwe K.C MacPherson kumusi wa gatatu mw’ijoro

Aba basore bakubise Chris Ball gushika naho ata ubwenge, ngoabari begereye aho ivyo vyabereye bamenyesheje ko abamukubita bamubwira kwatakibanza agifise muri Reta Zunze ubumwe za Amerika kuko ngo ubu bafise umukuru w’igihugu mushasha.

Ikibazo cabasanzwe baryamana bahuje ibitsina rero kikaba kiraje ishinga abatari bake muri Reta zunze ubumwe za Amerika kuko nuwuzoba icegera ca Donald Trump ,azwi nka Mike Pence wewe atanaberekwa na gato ndetse wewe anasaba ko ababikora boza barahanwa n’amategeko .

Chris Ball agihezwa gukubitwa nabashigikiye Donald Trump

Chris Ball agihezwa gukubitwa nabashigikiye Donald Trump

 


Categories: Amakuru, Muhira, Mumakungu

Leave a Reply