Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Umukuru w’igihugu ca reta zunze ubumwe bwa Amerika ,Barack Obama yaraye ashikirije ko igihugu ciwe kiriko kiritegura bimwe biboneka kugira mu myaka 14 iri imbere kizobe catanguye kurungika imiryango y’abanyamerika  kuba kukwezi  hamwe no gutembera ku kwezi nkuko bisanzwe bikorwa kumubumbe w’isi usanzwe twese dusanzwe tubako.

Ibi Barack Obama yabishikirije kuruyu wa kane ,igenekerezo rya 13 gitugutu 2016 aho yariko arashikiriza ikiganiro kukinyamakuru ca CNN .

Barack Obama yatanguye ashima intabwe igihugu ciwe kigezego mubijanye n’ubuhinga bw’ibigendajuru ,aca anagairako amenyesha ko  reta zunze ubumwe bwa Amerika gitegerezwa kuba igihugu cambere gishitse kurubu buhinga kandi ko bategerezwa gukora ibishoboka vyose mu mwaka wa 2030 ,imiryango (familly)zambere zikazoba zashitse kumubumbe wa Mars bagiye kubayo.

Imwe mwifoto yafashwe kumubumbe w'isi wa Mars

Imwe mwifoto yafashwe kumubumbe w’isi wa Mars

Barack Obama yagize ato”Dutegerezwa gushiraho umugambi uboneka kugira twugurure ikindi gitabo caamateka ya Reta zunze ubumwe za Amerika ,Dtegerezwa gukora ibishoboka vyose mu mwaka wa 2030 kugira tuzobe turungika abantu kumubumbe wa Mars kandi bagaruke bakiri bazima ndetse n’ubuzima bwabo atakibazo bwigeze bugira.”

Hamwe rero ibi vyoshikwako na Reta zunze ubumwe bwa Amerika mu mwaka wa 2030 ,iki gihugu coba kibaye icambere kibikoze kuva isi yabaho ,kizoba gishoboye kurungika imiryango yabantu kuja kuba muwundi mu bumbe w’isi.

 


Leave a Reply