Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma y’igandagugwa ryabasirikare 70 mu gisagara ca Alepo ndetse bikaza kuvugwa ko murabo bagandaguwe hoba haguyemwo abasanzwe bakorera iperereza igihugu ca Reta zunze ubumwe bwa Amerika ubu ibintu bisa naho bitfashe neza hagati yivyo bihugu bibiri kuko USA yagiriza igihugu ca Russia ko cinyegeje inyuma yico gitero cahitanye abasirikare 70 basanzwe bafashwa na USA kugira bakure kubutegetsi Bachar El Assad gushika nubu ariwe akiramutswa igihugu ca Syria.

Igandagurwa ryaba basirikare ryatumye uwusanzwe ajejwe imigenderanire ya Amerika n’ayandi ma kungu bwana John Kerry amenyesha kuruyu wa gatatu ienekerezo rya 15 ruheshi ko ukwihanganira igihugu ca Russia bifise aho bigarukira ndetse ko bategerezwa kumenya ko ikabazo ca Syria kizoteregwa umuti mugihe bwana Assad asanzwe akiramutswa yakuwe kubutegetsi.

Ibi bwana John Kerry yabivugiye i Oslo mu munubonano yarimwo na mugenziwe w’igihugu ca Norway.

Gusa ibi bwana John Kerry avuga ntavyumvikanako na gato na mugenziwe wa Russia kuko kuruhande rwa Kremlin wewe asanga abo reta zunze ubumwe bwa Amerika basanzwe baha ibigwanisho hamwe n’imyimenyerezo ya gisirikare kugira bakure Assad ataruhusha na gato bafise rwo kumukura ngwahubwo bategerezwa guca mu matora kugira bakure  Bachar EL Assad .

Mugisagara ca Alepo ahabereye imigwano yahitanye abarwanyi bashika 70

Mugisagara ca Alepo ahabereye imigwano yahitanye abarwanyi bashika 70

Uku kutumvikana hagati ya USA na Russia kugihugu ca Syria benshi bakaba  basigaye babibonamwo iyindi nsiguro ndetse benshi bakaba banatinya ko bishobora gukwega intambara y’isi yose mugihe hovamwo umwe ashaka gukoresha inguvu zikirenga.

Tubibutse ko iyi Ntamabara yo mugihugu ca Syria imaze imyaka irenga itanu ikaba imaze guhitana abantu barenga 280.000 mugihe abarenga 5000.000 bamaze guhunga igihugu.


Categories: Amakuru, Mumakungu

Leave a Reply