Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Olivier Nduhungirehe  umuserukizi (Ambassadeur )w’igihugu  c’uRwanda mu gihugu c’ububirigi (Belgique) yihagazeko amenyesha kw’amajambo asa n’ibitutsi yabwiye   umukuru w’igihugu mushasha wa Retza Zunze ubumwe za Amerika  ,Donald Trump  ,atakibazo amuteye na gito.

Aya majambo Olivier Nduhungirehe yayabwiye Donald Trump mu kwezi kwa rusama igenekerezo rya 22  ,2016 mugihe Donald Trump yarakiri mu myiyamamazo yo kuba umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika.

Amajambo Olivier Nduhungirehe yabwiye Donald Trump tugerageje kuyashira mu kirundi gitomoye ,Olivier Nduhungirehe yabwiye Donald Trump ati “Ndagusavye ukazibe”

aaaa

Aya niyo majambo Olivier Nduhungirehe yabwiye Donald Trump igenekerezo rya 22 rusama 2016

Olivier Nduhungirehe avuga aya majambo ntiyiyumvira nagato ndetse ntiyanavyumva narimwe muriwe nkabandi bose ko Donald Trump ashobora kuba umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika,kuko yaba anavyiyumvisha muriwe atari kwubahuka gucisha mu kanwa kiwe ijambo nka rirya .

Gusa naho ibintu bimeze uko ,Olivier Nduhungirehe yase kuva ku majambo yiwe anemeza ko ivyo yabwiye Donald Trump atabwoba nabuto bimutera .

11

Olivier Nduhungirehe yamenyesheje kwivyo yavuze atabwoba nabuto bimutera ndetse kwatanavyicuza na gato.

Fyonda ngaha ubandanye udukurikira kuri facebookNo kuri Twitter

 

.


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply