Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mu gihe muri Reta zunze ubumwe za Amerika habandanya haba amatora y’umukuru w’igihugu ,Donald Trump va mu mugambwe waba Republic asa nuwamaze gutsinda aya matora kuko biboneka neza kwarusha mugenziwe bariko barahiganwa ava mu mugabwe waba Democrate ariwe Hillary Clinton.

Mubiharuro bimaze kwegeranwa no gushigwa ahabona ,mu ntara zigize 50 za Reta zunze ubumwe za Amerika ,hamaze kuja ahabona ibiharuro vy’intara 41 ivyo navyo bikaba vyerekana neza ko Donald Trump ariwe aza imbere ya Hillary Clinton kandi anamurusha cane.

Kugira tahukane amatora biba bigusaba kuronka amajwi ashika 270 mu ntara zose zigize Reta zunze ubumwe za Amerika aha rero Donald Trump akaba asa nuwuriko aregereza ibi biharuro kuko  ubu afise 244 mugihe Hillary Clinton afise 209 .

Aha bisaba Donald Trump  26 gusa kugira atsinde Hillary Clinton mugihe bisaba Hillary Clinton 61 kugira atsinde Donald Trump .

Abantu benshi basa nabamaze guha amahigwe Donald Trump nkumukuru w’igihugu mu shasha wa Reta zunze ubumwe wa Amerika.

1


Categories: Amakuru, Muhira, Mumakungu

Leave a Reply