Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Amasanganya y’imodoka abandanya aba ndanse mu gihugu c’uBurundi aho atamusi uhera hatavuzwe abahitanwe nayo masanganya canke ngo bakomeretswe n’izo sanganganya z’imodoka.

Kuruyu wa gatatu igenekerezo rya 15 ruheshi 2016 hongeye kuba amasanganya abari mu ntara zo hagati mu gihugu aho aya masanganya yahitanye abantu babiri .

Isanganya yambere yabereye muburaruko bw’igihugu mu Ntara ya Muinga muri Commune ya Giteranyi aho imdoka yo mu bwoko bwa Probox yi paraki IA 3970 yataye ibarabara bigatuma ica ihitana abana babiri bari murico kibanza.

13412139_1031981593564011_5075005796271979058_o

Inyuma yiri sanganya ryabereye mu Ntara ya Muyinga hakaba haciye haba irindi sanganya muri commune Giheta mu Ntara ya Gitega ,aho imwe mu makamyo asanzwe atwara ibintu yagonze imwe mu modoka zo kubitaro bikuru vya Karusi ,bigaca bituma iyo modoka ita inzira ariko iri sanganya ryoryo akaba atamuntu ryahitanye kiretse abakomeretse gusa.

13415418_1031981683564002_1352399044785768007_o

Imodoka yo kubitaro bikuru vya Karusi ihejeje kugira isanganya

Aya masanganya akaba asa nayabaye ndanse mu Burundi kuko atandwi yokwijana atasanganya ribaye mu haba mugihugu hagati canke mu gisagara ca Bujumbura.

Categories: Amakuru, Muhira, umutekano

Leave a Reply