Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Nkuko vyari vyatangajwe n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe agateka kazina muntu kw’isi Amnesty International ko riza gushira ahabona amasanamu yerekana hamwe mubibanza vyahabwemwo abantu mubinogo rusangi ,iryo shirahamwe Amnesty International ryamaze gushira hanze ayo masanamu yerekana ibibanza bishika kuri 5 bivugwa ko vyoba vyarahabwemwo abantu.

Nkuko bisohorwa n’icegeranyo ca Amnesty International kimenyesha ko ibinogo vyambere bishobora kuba biri mugice ca Buringa ,ibi binogo biri mugice ca Buringa ngo vyibwe kumasaha yo kumuhingamo y’itariki 11 kigarama inyuma yaho abantu bitwaje ibigwanisho batereye ikambi za gisirikare zitatu,ibi binogo bikaba vyavuzwe ko bishobora kuba vyahambwemwo abantu batari bake.

Amnesty International yerekanye ikibanza hahambwemwo abo bantu imbere y'itariki 11 kigarama uko cari kimeze

Amnesty International yerekanye ikibanza hahambwemwo abo bantu imbere y’itariki 11 kigarama uko cari kimeze

Amnesty International yabandanije yemeza ko kw’igenekerezo rya 11 kigarama 2015 hishwe abantu benshi mugisagara ca Bujumbura kuko mumabarabara honyene hashobowe kubonwa ibiziga bigera kuri 21 ariko ahandi ukagenda uhasanga amaraso yabishwe ariko ntubabone ,kuko ibiziga vyaba vyamaze gukugwaho.

Amnesty International yerekanye ikibanza hahambwemwo abo bantu inyuma y'itariki 11 kigarama

Amnesty International yerekanye ikibanza hahambwemwo abo bantu inyuma y’itariki 11 kigarama

Amnesty International yabandanije imenyesha ko atari mugice ca Buringa gusa hoba hari ibinogo rusangi kuko hashobora kuba hari n’ibindi binogo rusangi biri mubice vy’amaziko yo ku Mpanda hamwe na Kanyosha.

Tubibutse kw’iki cegeranyo gisohotse kumusi ubumwe bwa Africa buza kwigira hamwe ingingo yanyuma yo kurungika abasirikare mpuza makungu ba MAPROBU mu Burundi .

Raba musi amasanamu ya Video yasohowe na Amnesty International

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply