Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma y’igihe kitari gito uBurundi bwari bumaze mu ngorane za Politike bitewe n’ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza ndetse bigatuma bamwe mubaserukira ibihugu vyabo mu Burundi bahitamwo gusaba abanyagihugu babo gusubira mu bihugu vyabo ,kuruyu wa kabiri itariki 1 ntwarante 2016,ibihugu bishika bine(4)vyashiriye urwandiko umukuru w’igihugu rwo gusaba kwemeregwa kugurura ubuserukizi bwavyo mu Burundi.

Nkuko vyatangajwe n’abajejwe itumatumanako ry’amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu ndetse bikongera bigashimangirwa n’umukuru w’igihugu ubwiwe abicishije kurukuta rwiwe rwa Twitter  ,abaserukizi b’ibihugu vya AUSTRALIA,AUTRICHE,QUATAR, na PHILIPPINE  bajanye amakete yo gusaba kwugurura amazu y’ubuserukizi (ambassadeurs )bwabo m Burundi.

Raba amafoyo y’umukuru w’igihugu arikumwe n’aba baserukizi bane baje gusaba kwugururigwa inzu zubuserukizi bwazo iBujumbura

CccxCYFW8AAYFOY

Umukuru w’igihugu arikumwe n’uwaserukiye igihugu ca Quatar

CccxA-3XEAgowQc

Ibi   bihugu vyose uko ari  4 vyaje gusaba ubuserukizi mu Burundi akaba atanakimwe cari gisanzwe gifise uBuserukizi mu Burundi.

Raba hasi ayandi mafoto 

CccxAHrW8AAWPuACccw_IJW8AAfOpg

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Muhira

Leave a Reply