Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Amajwi biriko biravugwa kwari  ayuwahoze ari ayumushingamateka Hussein  Radjabu ariko araterefona mugenziwe Alex  Sinduhije bose vyitwa ko barwanya ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza, ariko arateza amakenga.

Nkuko vyazindutse bivugwa kuruyu wa 20 kigarama 2015,hazindutse hacanacanako amajwi bivugwa ko yoba ari amajwi yuwahoze ari umushingamateka wa CNDD FDD bwana Hussein Radjabu ,aho bivugwa ko ayo majwi yafashwe mugihe yariko aravugana na mugenziwe bwana Alex Sinduhije mugihe yari muri ca Repuburika Iharanira Intwaro rusangi ya Congo.

Aya majwi naho yamaze kuja ahabona ,abantu benshi batanguye kuvuga yuko rishobora kuba ari irementanya ryoba ryakorewe Hussein Radjabu ,ariko kurundi ruhande kubantu bazi ijwi rya Radjabu bakaba bemeza ko iryo jwi rishoboka kuba ariryiwe atagukekeranya.

Aya majwi akaba yasizwe ahabona mugihe hashize igihe cumusi umwe gusa ,igihugu ca Amerika gisize bwana Alex Sinduhije asanzwe arongoye umugabwe MSD kurutonde rwabantu bafise imirwi igwanya ubutegetsi bw’uBurundi.

Umviriza ayo majwi  ya Hussein Radjabu ngaho hejuru


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply