Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mugihe mw’ishirahamwe OLUCOME ,rimwe mumashirahamwe yihaye kugwanya igiturire hamwe nisesagurwa ryamatungo ya Reta  bama bibuka uko umwaka uheze umuhisi Ernest Manirumva kuruhande rwuwusanzwe arongoye umugabwe FNL , bivugwa kwariwo wemewe imbere y’amategeko ,bwana Jacques Bigirimana wewe asanganga uyu mugabo yahoze agwanya abasesagura amatungo y’igihugu atari ngobwa kumwibuka canke kwibuka itariki yagandaguriweko.

Naho abagandaguye Ernest Manirumva  nubu batarakubitwa intahe mu gahanga ngo bahanwe imbere y’amategeko ,ishirahamwe yahoze akorera OLUCOME ryama ritunganya uko umwaka uheze ibirori vyo kwibuka uwo muhisi yafatwa nk’intwari mukugwanya ibiturire nabasesagura amatungo ya Reta.

Naho benshi basanzwe bafata Ernest Manirumva nkumuntu adasanzwe kubwa  Jacques Bigirimana ,wewe asanga  atampamvu nimwe yo kwibuka uyu mugabo  ahubwo kuriwe akwiye kw’ibuka amatariki yagandaguriweko abantu babaye intwari mu Burundi aho yavuze nka NDANDAYE hamwe na RWAGASORE .

Mu majambo ya Jacques Bigirimana yashikirije yagize ati”Ayo matariki yagandaguriweko jewe ntayonzi ,jewe mbaza itariki incungu y’uBurundi Rudoviko RWAGASORE yagandaguriweko , iyo ndayizi kuko ndazi icimaze ,umbaze itariki nyenicubahiro umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye ……..

Umviriza mu majwi yose Jacques Bigirimana

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply