Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mumwaka wa 2015 dusize inyuma, hariho amajambo menshi yagiye arashikirizwa n’abategetsi bari mu Nzego z’uBurundi ndetse nayandi yagiye arashikirizwa n’abanyamakuru n’abandi bari mu mirwi idaharanira ivyicaro vya Politike ,murayo majambo twahisemwo atatu (3)yagawe cane n’abarundi isinzi hamwe n’impamvu zayo.

1:Ijambo rya Reverien Ndikuriyo atwara Inama nkenguza mateka y’uBurundi:Ijambo ryashikirijwe na Reverien Ndikuriyo mugihe yari muri Commune ya Ntahangwa imwe muzigize igisagara ca Bujumbura ryavuzweko ibintu vyinshi cane atari mu Burundi gusa ahubwo no kw’isi yose ndetse n’amakungu arahaguruka kuko harimwo amajambo nka “KORA”ayo nayo akaba ari mumajambo yakoreshejwe mubwicanyi bwahitanye abantu barenga 800.000 mugihugu kibanyi c’uRwanda.

2:Ijambo rya Domitira Kiramvu umwe mubamenyesha makuru ba RPA:Domitira Kiramvu ,umwe mubamenyesha makuru ba Rpa aheruka gushikiriza ijambo ryarimwo ivyo yitwa kwari ingingo 3 zotuma amahoro agaruka mu Burundi,ariko murizo ngingo zitztu yavuze yasizemwo ukwica umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ,ibi bikaba bitakiwe neza n’abantu benshi niraburya bari bazi aho ukugandagugwa kwa Melchiol Ndadaye kwabasize.

umviriza ijambo rya Kiramvu hasi

3:Ijambo rya Maggy Barankitse arongoye ikigo maison Shalom: Mugihe yari yatumiwe kurimwe mw’iradiyo zo muri Canada,Maggy Barankitse yashikirije ijambo ryarimwo ibitutsi vyisnhi cane aho yavuga kumukuru w’igihugu ndetse anashiramwo kwadakomeye mu Mutwe .

Abantu benshi bafashe iri jambo nkaho ari igitutsi kidasanzwe kuko nimba Petero Nkurunziza atwara uBurundi adakomeye mu mutwe biba bisigura kwabarundi bamutoye kuva muri 2005 bobo ko barengeye nubusazi.

Umviriza Ijambo rya Maggy Barankitse ngaho hejuru

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

2 Responses so far.

  1. Emery Ahishakiye says:

    amakuru yanyu nimeza ntahengama. Komera turabumva5/5 cane cane muduhe voice thank’s

  2. Emery Ahishakiye says:

    Icobera ciza Abarundi,nuko atamacakubiri bosubira gutamwimitwe yabo’ kuko ubukene bwonyene dufise burahagije.

Leave a Reply