Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya (EU)ryatangaje ko rigiye gufashisha igihugu c’uBurundi amahera agera ku miriyoni 55 z’amafaranga yama nyaburayi ribicishije mu mashirahamwe y’igenga yo ngaha mu Burundi (ONG)

Aya mahera agiye gutangwa n’ubumwe bwa Buraya azoba agubuwe mu migwi ibiri aho amafaranga angana ( Imiriyoni 40)y’amanyaburaya azojanwa mu bikorwa vyo kwitaho amagara y’abantu mugihe ayandi asaga  ( Imiriyoni 15) y’amanyaburaya azoja mugisata co guteza imbere ibice vyo mu caro hamwe n’ibifungurwa (nutrition )

Iyi ikaba ibaye incuro yambere ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya bumenyesheje ko bugiye gusubira gufasha mubikorwa vy’iterambere mu Burundi inyuma yaho hafatiwe ingingo yo guhagarika imfashanyo zose zahora zigenewe uBurundi

Aya mahera rero agiye gutangwa n’ubumwe bwa Buraya akaba atazoja mu minwe y’ubutegetsi bw’uBurundi ariko akaba azogenda arakoreshwa n’amashirahamwe y’igenga hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu kugira bashike kurayo mahangiro abiri ajanye n’amagara meza y’abantu hamwe no guteza imbere icaro hamwe no kwitaho ibijanye n’ibifungurwa vy’anyagihugu(soutenir des projets dans le milieu rural et le secteur de la nutrition)

Neven Mimica asanzwe ari komiseri w’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ,yamenyesheje ko iyi mfashanyo y’ubumwe bwa Buraya ije gufasha abarundi basinzikajwe n’iryane za Politike zimaze igihe mu Burundi ndetse agirako amenyesha ko naho ikibazo ca Politike kitaratoregwa umuti mu Burundi ko ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ruzoguha hafi y’abanyagihugu b’uBurundi mukubafasha .

Ibi ubumwe bwa Buraya bukaba bwabishikirije inyuma y’amezi abiri ,hafashwe ingingo yo guhagarika imfashanyo ubumwe bwa Buraya bwahora buha reta y’uBurundi burundu aho vyakozwe hisunzwe amasezerano ari mungingo ya 96 y’ikotonu (accord de cotonou)

…………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………


Categories: Amakuru, Burundi, Muhira

Leave a Reply