Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma yaho igihugu ca Reta zunze ubumwe bwa Amerika gifatiye ibihano bamwe muntwaza ngabo z’uBurundi hamwe n’abapolisi bigihugu ,ico gihugu nyene congeye gufatira ibihano abandi 4 bagirizwa uguhungabanya amahoro n’umutekano mu Burundi.

Nkuko bitangazwa n’ibiro  U.S DEPARTMENTOF TREASURY  ,vya reta zunze uBumwe bwa Amerika ,abandi barundi bashika kuri bane bafatiwe ibihano.

Murabo bafatiwe ibihano ,haje 2 basanzwe bari mu Butegetsi ndetse banegereye Nkurunziza hinyongerako n’abandi 2 basanzwe barwanya ubutegetsi bwa Nkurunziza.

Aba bane bafatiwe ibihano akaba ari:

1:Alexis Sinduhije,

2:Joseph Mathias Niyonzima,

3:Leonard Ngendakumana,

4:Gervais Ndirakobuca

Aba bose bafatiwe ibihano bagiye bagira ivyo bagirizwa umwe wese kuruhande rwiwe.

**General Gervais Ndirakobuca batazira Ndakugarika: General Gervais Ndirakobuca batazira Ndakugarika asanzwe ari n’imvukira ya Cibitoke iBukinanyana ,akunzwe kuvugwa cane mumabi meshi na cane cane ayo guhonyanga agateka kazina muntu ,General Gervais Ndirakobuca batazira Ndakugarika akaba ari muri bake bafata ingingo zikomeye mumugabwe wa CNDD FDD.

**Major Joseph Mathias Niyonzima alias Kazungu: Nzeyimana Mathias benshi batazira kazungu akunzwe kuvugwa cane mubwicanyi bwishi bubera mu Burundi,ndetse akaba yaravuzwe cane mw’igandagugwa ry’imiyabaga y’iyamirije ikiringo ca 3 ca Petero Nkurunziza.

**General Leonard Ngendakumana: uyu akaba yagize uruhara  mugushaka gutembagaza ubutegetsi kuwa  13 Rusama umwaka wa 2015 ,akaba ubu abarizwamugihugu ca Kenya ,General Leonard Ngendakumana akaba yigeze no kwiyemerera imbere y’imbonesha kure imwe yo muri Kenya ko ariwe atuma abaja gutera ama grenade mugisagara ca Bujumbura.

**Alexis Sinduhije: Alexis Sinduhije umukuru w’umugabwe MSD ,nibwo bwambere aje kuri benizi ntonde zabafatigwa ibihano na Amrika,Alexis Sinduhije akaba yagirizwa gukora imigwi yabagwanyi iza guhungabanya amahoro n’umutekano mu Burundi.

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply