Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Alex Sinduhije asanzwe ari umukuru w’umugabwe ukuru n’ubuntu na Demokarasi mu Burundi ariwo (MSD) yavuye mugacerere agira ico ashikirije inyuma yo gufatirwa ibihano n’igihugu ca Reta zunze ubumwe bwa Amerika.

Bwana Alex Sinduhije yamenyeshe kw’ibihano yafatiwe n’igihugu ca Reta zunze ubumwe bwa Amerika atabwoba nagato bimuteye kuko azi neza ko yarenganijwe ,ahubwo kuruhande rwiwe akaba abona kw’ ivyo bihano vyari bikwiye gufatigwa umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kubera amabi amaze imisi akorera aBarundi.

Alex Sinduhije yabandanije amenyesha ko atagisirikare kirwanya ubutegetsi yigeze ashinga kandi kwatanico ariko aritegurira gushinga  ariko yemeza kwashigikiye urwaruka rwagiye hamwe kugira rugwanye ubutegetsi bwa Peteto Nkurunziza rukoresheje uburyo bwose bushoboka.

Alex Sinduhije akaba yabandanije amenyesha ko nihagera kwashinga igisirikare kirwanya ubutegetsi bwa Bujumbura azobishikiriza kuko aramutse abikoze atokwigera abitinya kubishira kumugaragaro.

Tubibutse ko Alex Sinduhije arikumwe n’abandi batatu (3) bari munzego zigihugu c’uBurundi baheruka gufatigwa ibihano n’igihugu ca Reta zunze ubumwe bwa Amerika aho wewe kuruhande rwiwe yagirizwa kuba mubashinga akongera agashigikira imigwi itera umutekano muke mugihugu c’uBurundi.

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply