Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Alexis Sinduhije asanzwe yagirizwa ugushaka guhungabanya umutekano w’igihugu c’uBurundi abicishije mu nguvu za Gisirikare mugukora umurwi wagisirikare ugwanya ubutegetsi bwa Nkurunziza ,yarahiye ararengwa kwatamurwi n’umwe w’itwaje ibigwanisho afise canke bakorana.

Atanga ikiganiro kurimwe mu Mboneshakure mpuzamakungu ,Alexis Sinduhije asanzwe arongoye umugabwe wa MSD ,yarahiye ararengwa ko atamurwi numwe w’itwaje ibigwanisho asanzwe afise canke aserukira ariko ko ashigikiye ico cose coza kirwanya Petero Nkurunziza haba arumugwi w’itwaje ibigwanisho canke uwumugwanya mu vya Politike.

Kuvyo igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo ikunda kumwagiriza kwari mubahungabanya umutekano murico gihugu ,Alexis Sinduhije yamenyesheje ko kuruhande rwiwe  atamurwi w’igisirikare afise muri Congo kuko ashaka kugoka umugwi urwanya reta ko yowukorera mu Burundi apana muri CONGO ,Alex Sinduhije yongeye kwibutsa ko atangorane n’imwe afitaniye n’igihugu ca Congo (RDC)ahubwo ko ingorane zihagaze kuri Petero Nkurunziza wewe yanka kuja mu matora y’ukuru arimwo umuco,Alexis Sinduhije yabandanije amenyesha ko atakintu nakimwe cokura Petero Nkurunziza kubutegetsi atari umuheto.

Umviriza mu majwi ngaho hasi bwana Alexis Sinduhije umukuru w’umugabwe MSD:

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply