Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Alex Sinduhije umwe mubasanzwe batavuga rumwe n’ubutegetsi bwa CNDD FDD akaba n’umwe mubakunzwe kwagirizwa gukorana n’imitwe yiterabwoba ,ndetse akaba numwe mubanyepolitike bafatiwe ibihano na reta zunze ubumwe bwa Amerika ,yagize icashikirije kumigenderanire  yiwe muriki gihe hamwe  na Samantha Power ndetse anagira nico anavuze kuvijanye  n’ibihano aheruka gufatirwa na reta zunze ubumwe bwa Amerika.

Avugana na Jocyce Hackel umwe mubamenyesha makuru bo kuri  PRI(Public radio International)Alex sinduhije yatunze urutoke uwahora afatwa nk’incuti yiwe ikomeye cane muvya Diplomacy , Ambassador  Samantha Power wa reta zunze ubumwe bwa Amerika ,amwagiriza ugushaka kwumviriza uruhande rumwe gusa.

Alexis_0

Alex Sinduhije na Samantha Power mu mwaka wa 2004 mugihugu ca Reta zunze ubumwe bwa Amerika

Mumajambo ya Alex Sinduhije yagize ngo:”

Intumbero yanje n’ukubahiriza agateka kazina muntu ,ndetse ninavyo nize mw’ishure rya Harvard University ,ninavyo nirigwa ndagwanira kugira agateka kazina muntu kubahirizwe.

Mu Burundi dufise umwicanyi,ari kuburongozi ashobora kwica abantu bangana 150 kumusi,uyu muntu nyene siwantu azokwumva ko dutegerezwa kwubaka igihugu dufatiye kuvyiyumviro vyabantu bose,murico gihe rero bica bintera ikibazo kinini cane nkabura ico mfata nico ndeka ,nkabura ico nobwira rwarwaruka rwafata ibirwanisho kugira rwirwanire rwo nyene kubera akarenganyo rugirirwa.

Mbega nobabwira bahagarike?Ibi ntanyishu ndabifitiye na gato!!jewe misi yose rwanya ico cose coza cica abantu(violence)ariko rimwe rimwe ntegwa intege narurya rwaruka nyene rwafashe ibigwanisho.

Nari mfitiye icizere gikomeye Samantha Power,ariko muvyukuri yoba yarashitse kukintu kiboneka?Sindavyiyumvira na gato,muvyukuri sindavyiyumvira nagato,yoba vyokunda ko ubu nyene mba ndamuhagaze imbere nkamuraba mu maso,nomubwiza ukuri ati:Wahanye ukuboko n’abicanyi ,n’amashetani.”

Umviriza mu majwi Alex Sinduhije

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply