Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Guhindura canke gusubiramwo amasezerana y’amabuye yagaciro asanzwe ari mu Burundi ni kimwe mucari kwihutirwa gukorwa n’urunani CNARED mugihe rwari kuba ruramutswa igihugu c’uBurundi.

Nkuko bitangazwa n’ikinyamakuru gisanzwe gikurikirana ibijanye n’amabuye yagaciro hamwe n’ivyubutunzi kw’isi yose ariko cane cane muri Africa,ikinyamakuru the “africaintelligence”casize hanze bimwe muvyari kwihutirwa gukorwa na Leonardo Nyangoma mugihe yari kuba ariwe aramutswa igihugu.

Nkuko tubisanga mu nkuru yabo igira 361 yanditswe kw’igenekerezo rya 2 ruhuhuma 2016,iki kinyamakuru camenyesheje ko mugihe uyu mugabo yari gufata uButegetsi ,ikintu nyamukuru yari kubanza guhindura ko kwari kubanza gusubiramwo amasezerano y’ama societe yahawe kwimba amabuye y’agaciro ari mu Burundi.

1

Nkuko vyabandanijwe biyagwa niki kimenyesha makuru kidasanzwe mubijanye n’amabuye yagaciro hamwe n’ubutunzi muri rusangi ,cabandanije kimenyesha ko mugihe Leonardo Nyangoma yari gushika kubutegetsi yategerezwa gusubiramwo aya masezerano ndetse akanashiramwo abari kuba bamufashije gushikira kubutegetsi.

Tubibutse ko Leonardo Nyangoma asanzwe ariwe aserukira imbere yamategeko urunani CNARED Giriteka (Le Conseil National pour le respect de l’Accord d’Arusha pour la Paix et la Réconciliation au Burundi et la Restauration d’un Etat de Droit)urunanini rwihaye guharanira amasezerano ya Arusha hamwe no kubahiriza ibwirizwa nshingiro ry’uBurundi

Nimba ushaka gusoma iyi Nkuru yose ya africaintelligence.fr yonda ngaha>>>

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Politic

Leave a Reply