Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mu nama yambere yabakuru bibihugu bagize ubumwe bwa Africa y’ubuseruko  muruyu mwaka wa 2016,yabereye mu gisagara ca Arusha kimwe mubisagara bikunda kuberamwo inama zikomakomeye muri Tanzania,Liberat Mpfumukeko aserukira uBurundi niwe yagenwe kuba umunyamabanga mukuru w’ubumwe bwa Africa y’uBuseruko( Secrétaire Général de l’EAC) .

Liberat Mpfumukeko asubiriye mugenziwe Sezibera Rishard afise ubwenegihugu bw’uRwanda , uyu asubiriwe (Sezibera Rishard ) yakakunze kugirana ibibazo na reta y’uBurundi aho kenshi bamwagiriza kuba inyuma yakajagari hamwe n’imigumuko yarimaze igihe  mu gihugu c’uBurundi mu mezi 10 dusize inyuma ndetse akaba yigezwe no kwagirizwa ko yoba yasabiye uBurundi gukurwa muruwo muryango w’ibihugu bigize ubuseruko bwa Africa.

Liberat Mpfumukeko kw'ifoto

Liberat Mpfumukeko kw’ifoto

 

Igenwa rya Liberat Mpfumukeko ryatanguranye niyinjira ry’igihugu ca Sudan y’epfo muruwo muryango kuko ico gihugu camerewe kuja mu muryango w’ibihugu bigize Africa y’ubuseruko ndetse kica kiba igihugu kigira gatandatu ciyongereye ku Burundi,Rwanda,Tanzania,Kenya,Uganda

Muriyi nama yari yitabwe n’abakuru bibihugu bashika kuri 4 ,hongoye kwigwa ikibazo c’uBurundi ,barabira hamwe icokorwa kugira amahoro n’umutekano bigaruke mu Burundi ariko guca bahitamwo uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Tanzania Benjamin William Mkapa kuba umuhuza mushasha mukibazo c’uBurundi ariko abifashijwemwo na mugenziwe w’igihugu ca Uganda  Yoweri kaguta Museveni.

Abakuru bibihugu vya Kenya ,Tanzania,Rwanda,Uganda n'icegera ca kabiri c'umukuru w'igihugu kuruhande rw'uBurundi

Abakuru bibihugu vya Kenya ,Tanzania,Rwanda,Uganda n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu kuruhande rw’uBurundi

 

Kubijanye umukuru w’igihugu ca Tanzania bwana Pombe Magufuri John niwe yatowe kurongora igihe c’umwaka uwo mu ryango mugihe umukuru w’igihugu c’uBurundi ariwe yarashikiriwe ariko bitakunze kwashobora kuja murico kibanza kubera ibibazo bisanzwe biri mu Burundi vy’umutekano muke reta yavuze kwitegerezwa kubanza kwihutira gutorera umuti.


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply