Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Abasore bahora mu mirwi isanzwe igwanya reta ya Nkurunziza na cane cane bakorera ahanini mu gisagara ca Bujumbura ,batanze ikiganiro kubanditsi n’abamenyesha makuru bavuga ingene bahora bapanga ibitero bakorera mugisagara ca Bujumbura .

Muvyavuzwe naba basore bishikanye kunzego zijejwe umutekano ko bama bakora  harimwo:

1:Gutera amagrenade mugisagara ca Bujumbura

2:Kwica abantu bakabashira kumabarabara

3:Kurasa mw’ijoro n’inkoho zikomakomeye

NIYOMBARE Godefroid:bishasha.com

Kurundi ruhande naho benshi bahora bibaza ko General GodeFroid Niyombare yoba yaritavye Imana kubera kuva ananirwa no gutembagaza uButegetsi atarasubira kwumvikana na rimwe ,bamwe  murabo bishikanye kunzego z’umutekano  basa nabatanze inyishu kukibazo benshi bahora bafise kuko  bemeje amakuru ya General Niyombare Godefroid ,ko yaza aho baba basanzwe bari akabaha integuro yingene botera uBurundi kugira babufate.

Umviriza musi mu majwi bamwe mubasore baheruka kw’ishikana kunzego z’umutekano.

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply