Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Abasirikare b’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo bafadikanije n’intwazangabo z’uBurundi bagavye ibitero bikomeye kumurwi w’abagwanyi ba FNL isanzwe irongowe na Gnl Aloys Nzabampema.

Kunko tubikesha iradiyo yo ngaho muri Congo Okapi, Ibi bitero vyagabwe kubagwanyi ba FNL ikukira Gen Aloys Nzabampema ,vyatanguye kumusi wa gatandatu igenekerezo rya 9 ntwarante 2016 ,mu gice ca Kiliba gisanzwe giherereye muri  Ruzizi kubutaka bwa Repuburika Iharanira intwaro rusangi ya Congo mu gice ca Uvira .

Nkuko tubikesha umukuru w’ingabo zisanzwe zikorera mu ntara y’ubumanuko bwa Kivu ,bwana Général Bwange Safari yamenyesheje ko,ingabo za FARDC ziri kurubibe   rw’igihugu cabo cagerageje kugaba ibitero bidasanzwe kungabo z’umurwi w’abagwanyi basanzwe babarizwa kunkengera c’urubibe rw’uBurundi hamwe na RDC.

Général Bwange Safari yabandanije amenyesha ko ,iki gikorwa co guhiga aba barwanyi cakozwe inyuma yaho baboneye ibimenyetso bidasanzwe vyerekana ko aba basirikare bo mu murwi wa FNL ya Gnl Aloys Nzabampema basigaye bagira uruja nuruza rudasanzwe hagati y’imipaka yibi bihugu vyose(Burundi na RDC).

Iyi mirwano hagati yaba barwanyi ba Gnl Aloys Nzabampema hamwe n’izi ntwazangabo kuruhande rw’uBurundi hamwe na RDC zamaze igihe kitari gito kuko urusaku rw’ibikoho binini binini rwaje guhera kumusi wa mbere igenekerezo rya 11 ndamukiza 2016 ,ndetse ibi bikaba vyanatumwe abanyagihugu bo murico gice ca Kiliba  badakora ibikorwa vyabo vya misi yose  kubera iyo migwano yariko irabera murico gice.

Général Bwange Safari Gustave yabandanije amenyesha ko iyi migwano yamaze igihe c’imisi ibiri ,ariko akaba ataragira icavuze  ku vyononekaye  canke abahasize ubuzima kumpande zose,Général Bwange Safari Gustave akaba gusa yatangaje ko imbere yo gukora ivyo bitero kurabo bagwanyi bari bamaze gufata abagwanyi bashika 40 b’abarundi  muraya mezi atatu dusize inyuma kandi murabo 40 hakaba harimwo 6 batarakwiza imyaka yo kuja mu gisirikare.

Ibi bitero rero kubagwanyi ba Gnl Aloys Nzabampema bikaba bibaye inyuma y’igehe gitoya cane uyu mugabo amenyesheje ko yafashe mpiri umwe mu ntwazangabo z’uBurundi yarafise ipeta rya Lieutenant .

Tubibutse ko Kuruhande rwa Gnl Aloys Nzabampema ndetse no kuruhande rw’igisirikare c’uBurundi atanumwe aragira icavuga kuriyi migwano yoba yamaze imisi ibiri .

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Muhira, umutekano

Leave a Reply