Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Abasirikare bashika kuri 26 bahora mugisoda c’uBurundi harimwo abahora mugisoda ca kere  mu myaka ya za 90 ,hiyongeyemwo nabandi bahoze bari mumugabwe wa CNDD FDD ikiri mwishamba birukanwe mugisirikare c’uBurundi.

Hisunzwe amategeko agenga igihugu c’uBurundi yanditswe mw’ibwirizwa rigenga uBurundi ,umukuru w’igihugu bwana Pierre Nkurunziza afadikanije n’umushikiranganji wo kwivuna abansi no gusubiza mubuzima busanzwe abahora kurugamba bwana Emmanuel Ntahomvukiye bahagaritse 24 mubahora muntwaza ngabo z’uBurundi kandi bo ku mapeti yo hejuru.

Murabo birukanwe mugisirikare c’uBurundi harimwo ahanini abamenyekanye igihe haba ukugerageza gutembagaza ubutegetsi mu kwezi kwa rusama ,aho abasirikare bakuru mu ntwaza ngabo bashaka gukura Pierre Nkurunziza ariko bikaza kuburizwamwo na General Prime niyongabo atwara ibiro bikuru vyintwaza ngabo mu burundi (chef d ‘etat Major)

Abari imbere muriryo tegurwa ryo guhirika ubutegetsi bwa Nkurunziza bose bakaba birukanwe mugisirikare ,aho twovuga nka General Cyrille Ndayirukiye ,general Niyombare GodeFroid ,ndetse n’uwahora atwara ubushikiranganji bwo kw’ivuna abansi ico gihe bwana Potient Gaciyumbenge.

Muraba birukanye rero harimwo abasirikare bi peta rya General bashika kuri 6

Abasirikare bi peta rya Colonel bashika kuri 5

Abasirikare bi peta rya Lieutenant 2

Abasirikare bi peta rya Major 8

N’abasirikare bi peta rya captaine 2

Aba basirikare bakaba birukanwe inyuma yigihe gito cane ,bagenzi babo bari basanzwe bakora mu gipolisi nabo bari mubagirijwe gutembagaza ubutegetsi mukwezi kwa rusama nabo baheruka kwirukanwa munzego z’igipolisi.

Raba urutonde ngaho hasi

 

12291020_512471765602484_3799898052092313764_o 12308012_512471795602481_8344479387274995776_o 12322409_512471775602483_2459075890274206055_o


Categories: Muhira

Leave a Reply