Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Igitigiri c’abanyagihugu baguye mw’isanganya ry’imodoka yo mu bwoko bwa OTRACO  mw’ijoro  ryo kuri uyu wa 9/4/2016 ,muri komine Isare  babandanya biyongera .

Mugihe mumasaha y’umugiroba havugwa ko iryo sanganya ryoba ryahitanye abantu barenga 30 gusa ,mu masaha yo mugitondo co kuruyu w’Imana igenekerezo rya 1o ntwarante 2016,hamaze kumenyekana ko hamaze kwitaba Imana abanyagihugu barenga 50 mugihe abandi benshi bakomeretse.

Iyi Busu mubisanzwe yariko irava mugisagara  ca Bujumbura iriko irerekeza muri  Rushubi , komine Isare y’intara ya Bujumbura rural , aho yaca ikorokera mu mwonga w’imanga ndende cane gose ipima imetero z’irenga 100(100metres)

Uburyo Bus ya OTRACO yagizemwo isanganya ntibusanzwe kuko yaguye yubitse amapine akaja hejuru

Uburyo Bus ya OTRACO yagizemwo isanganya ntibusanzwe kuko yaguye yubitse amapine akaja hejuru

Inyuma yo gukora ikimanga kinini kirenga imetero 100 uja mu mwonga ,iyi Bus yo mw’ishirahamwe rya OTRACO isa niyashitse hasi yamaze kuba ubunwenwe ndetse inaza kugwa nabi cane kuko yaguye amapine ari hejuru.

Bus yabaye ubunwenwe

Bamwe mu bategetsi bo muriyo Komine bazindukiye murico kibanza kuraba cabereyemwo iryo sanganya .

Tubibutse ko abakomerekeye mwiryo sanganya babandanya bavurigwa mu bitaro bitandukanye  vyo muri Bujumbura rural mugihe abandi bazanwe mu bitaro vyo mugisagara ca Bujumbura.

……………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………….


Categories: Amakuru, Muhira

Leave a Reply