Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Intwaza ngabo zigihugu c’uBurundi zishika kuri 850 bakukira ikambi ya gisirikare ya 34 (34è Bataillon) baraye bafashe indege kuruyu wa gatanu itariki 23 gitugutu 2015 muntumbero yo kuja gusubirira bagenzi babo bari basanzwe babungabunga amahoro n’umutekano mugihugu ca Somalia.

Intwanza ngabo 850 nizo zarungitswe gusubirira bagenzi babo bahejeje igikorwa bari batumwe n’igihugu.
Izi ntwazangabo zikambi ya gisirikare ya 34 zikaba zagiye gusubirira bagenzi babo bo mwikambi ya gisirikare ya 28 bahora murugwo rugamba rwo kugarukana amahoro numutekano mugihugu ca somalia .Tububutse ko ico gukorwa co kurungika intwaza ngabo mukubungabunga amahoro kuruhande rw’uBurundi catanguye kuva mumwaka wa 2007 ,gushika nubu abasirikare bakaba bagenda bakurakuranwa murico gikorwa co kugarukana amahoro n’umutekano mugihugu ca Somalia.

Abasirikare 850 nibo barungitswe muri somalia gusubirira bagenzi babo bahora mugikorwa co kugarukana amahoro


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply