Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Imiyabaga ishaka Ijana 100 yafatiwe mumyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’uumukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kuva itariki 26 ndamukiza2015  igiye kurekurwa .

Imiyabaga  yarisanzwe iri mumunyororo mw’ibohero rikuru rya mpimba mu gigisagara ca Bujumbura aho benshi muribo bari abafashwe kuva mukwezi kwa ndamukiza gushaka muri ruheshi.

Nkuko sentare nkuru y’uBurundi yaheruka gufata ingingo yo kurekura  bamwe mubari bafatiwe mumyiyerekano yo kurwanya ikiringo ca gatatu ca PeteroNkurunziza ,ico gikorwa coba kigira gushigwe mungiro  ariko abo bari bafashwe bakaba babanje guhabwa inyigisho zo gukunda igihugu kugira no muri kazoza ntibaze bongere kurwa murayo makosa.

12316607_514282245421436_6659836486191307101_n 12311245_514282268754767_4238973942118593277_n

Tubibutse ko aba abenshi muribo basanzwe bava mumazone ya Bujumbura ,aho benshi bava mumakomine nka Musaga ,nyakiba,mutakura,buterere,ngagara ndetse na cibitoke

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply