Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mugihe umuryango w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n’ishirahamwe ry’ibihugu vy’ubumwe bwa Buraya vyitegurira kurungika abasirikare mvamakungu bashika ibihumbi bitanu (5000) mu Burundi kugira baze gucunga umutekano w’abarundi birigwa baragandagugwa bunyamaswa,abantu benshi babandanya bibaza nimba koko ico gikorwa kizohava gishikwako kuko bisa naho gifise intambamyi nyishi hamwe n’inzitizi nyishi ndetse n’ingorane gishobora gutegwa naco.

Nimuriyo ntumbero nyene ikinyamakuru gisanzwe gikorera kumugabane wa Africa arico jeuneafrique kibicishije kubasomyi baco bari mu mihingo yose kw’isi  cafashe intumbero yo kuraba koko nimba aba basirikare bashika ibihumbi bitanu (5000)bikwiriye ko baza mu Burundi kugarukira ku Barundi birigwa baricwa.

Inyuma y’umusi umwe gusa ico gikorwa gitangujwe nico kinyamakuru Jeuneafrique ,abantu atari bake bava mu mihingo yose yo kw’isi barafashe akanya keza ko gutangura kwerekana aho bahagaze kurico c’iyimviro co kurungika abasirikare mpuzamakungu (MAPROBU),kurico kinyamakuru nyene hakaba hari aho  umwe wese ashobora guhitiramwo ego canke oya .

Naho ico gikorwa cico kinyamakuru jeuneafrique gisa naho kimaze umwanya muto cane abamaze gukora ico gikorwa biraboneka kwatari bake ndetse uciye kururwo rubuga ngurukana bumenyi rwa jeuneafique birerekana neza ko abamaze gutora bamaze gushika ibihumbi bine birenga(4310) .

Mubamaze gukora ico gikorwa bikaba biboneka neza ko abamaze gusohora ibyiyumviro vyabo benshi muribo bashigikiye cane ko abasirikare ba MAPROBU ko bozanwa mu Burundi.

Uku akaba ariko bariko baragenda barushanwa abariko baratora

Uku akaba ariko bariko baragenda barushanwa abariko baratora

Tubibutse ko haheze ikiringo kirenga ukwezi kwose hafashwe ingingo yo kurungika aba basirikare ba MAPROBU ariko iki gikorwa kikaba kitigeze kija mungiro kubera ubutegetsi bw’uBurundi bwiyamirije cane aba basirikare ndetse banamenyesha ko hamwe bohirahira bagaseruka iBujumbura ko bazoba baje gutera igihugu ,ko icoba gisigaye kwoba ari ukubivuna.

Mbega wewe ubona MAPROBU ikwiye kuza mu Burundi? Ego canke oya yawe urashobora kuyikoresha kukinyamakuru jeune afrique uciye ngaha :::http://www.jeuneafrique.com/293226/politique/sondage-faut-deployer-durgence-casques-bleus-burundi/

……………………………………………………………………………………………………………………………………………………………


Categories: Amakuru, Muhira

2 Responses so far.

  1. kurikuravugwa martin. says:

    la majorite est silancieuse.

  2. Jaen says:

    Je suis pour de l`envoie d`ine force pour protéger la population burundaise en détresse d6ue par le pouvoir de nkurumbi.

Leave a Reply