Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Muriyi misi dusize inyuma abarundi benshi ndetse nabanyamahanga na cane cane kumugabane wa Africa bariko barijukira rumwe murubuga ngurukana bumenyi arirwo YouthJob.com ,muntumbero yo kugira baronke amafaranga bariko bakoresha ubuhinga ngurukana bumenyi.

Nkuko tubisanga kururwo rubuga ngurukana bumenyi rwa The youthJob.com ahabanza ,the Youthjob n’urubuga ngurukana bumenyi rwashinzwe mumwaka wa 2010 ariko ruriha abasanzwe barukoresha bivanye nico burimuntu yakoze kumisi kumusi.

Iki gikorwa uru rubuga rugira ni nkokuzana abantu kururwo rubuga baza kururaba ,aho urwo rubuga rwemeza neza ko iyo  umuntu ashoboye kuja kwururwo rubuga ariwe aciye kumurongo(link) wamweretseuzanye ko uhabwa amahera yamanyamerika ashika kuri $5

Uru rubuga ngurukana bumenyi rwagiye rurakemangwa kenshi cane n’abantu basanzwe barukoresha ,aho benshi bemeza ko abasanzwe barurongoye ari ababeshi ,raba bimwe musi  muvyerekana kwari ababeshi.

1.Uru rubuga rusanzwe rutagira uwuruserukira imbere yamategeko :Mubisanzwe uru rubuga ngurukana bumenyi n’urwo muri Amerika ariko nyiragwo asanzwe atazwi imbere yamategeko,ndetse asanzwe atanazwi kuko adashobora kwishira ahabona.

2:Iyo uhejeje kwiyandikisha n’abutumwa bwibanga bakurungikira kugira uheze kwiyandikisha mumategeko(email comfirmation ):Ugerageje kuraba ibintu vyose bikoresha kubuhinga nka facebook canke izindi mbuga nka Twitter ,iyo uhejeje kwiyandikisha barakurungikira (comfirmation email )kugira wemeze neza ububiko bwawe .Ariko ngaha kururu rubuga ntavyo bigera bakora.

3:Abantu benshi iyo bageze gusaba amahera bakoreye ntibigera bayaronka:Ntibize bigutangaze n’iwabona amahera aguma yiyongera kumusi kumusi ,kuko baguma bakwereka yuko uguma ugwiza amahera kumusi kumusi ariko nihagera kuyakurungikira uzosigara wicuza igituma warataye umwanya wawe.

Mugihugu ca Nigeria beshi bagize ikibazo co kutarungikirwa ayo bakoreye.

sa

Mugihe rero n’abarundi benshi bijukiye gukoresha ubu buryo ndetse bigatesha umwanya benshi ,bamwe muribo baramaze kubona ko ari ikinyoma ndetse nayo bakoreye ntibayabarungikira.

umu

Naho bimezuko hari igihe gishika urwo rubuga rukarungikira nkumuntu umwe ayo mahera kugira bitume nabandi baguma bagira ubushake bwo gukoresha urwo rubuga ,kugira kuruhande rwabo bagume biyungukira .


Leave a Reply