Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Abarundi basanzwe baba mubihugu vyo kumugabane wa Amerika aho beshi muribo  babarizwa mubihugu nka Canada hamwe na Reta Zunze ubumwe za Amerika bahuriye hamwe  bunamiye abarundi isinzi bamaze kugwa mubwicanyi bumaze imisi bubera mu Burundi kuva mukwezi kwa ndamukiza 2015.

Iki gikorwa cabereye mu bisagara bibiri vyo kumugabane wa Amerika ,aho bamwe bakoreye iki gikorwa mugisagara ca Canada gisanzwe kizwi nka Ottawa mugihe abandi babikoreye mugisagara ca Reta zunze uBumwe bwa Amerika iNew york.

Nkuko tubikesha abari murico gikorwa ,batumenyesheje ko ico gikorwa cakozwe muntumbero yo kunamira abantu bose baguye muryane uBurundi n’abarundi bamazemwo amezi arenga 8.

Icivugo ciki gukorwa kumpande zose  cari “VIGIL FOR BURUNDI”abakoze ico gikorwa bakaba bari bitwaje amabuji ariko araka.

12341319_10153146105721954_7851507983433826729_n

Iki gikorwa kikaba cabaye mumasaha yo mubucagucagu ahagana nka sakumi nimwe zagatondo  kumasaha yo murivyo bihugu vyabereyemwo ico gikorwa.

Ibi bikaba bibaye inyuma yumusi umwe gusa hatangajwe ko abarundi bashika kuri 87 biciwe ibujumbura mugitero c’abantu bitwaje ibigwanisho batashoboye kumenyekana.

                                        Raba hasi amafoto uko vyari vyifashe

Aha hakaba hari muri reta zunze ubumwe bwa Amerika

 

12391068_10153146105861954_1140969579924507195_n

Aha haka hari muri Canada

12342528_10153146075171954_3749674872068047920_n


Categories: Amakuru, Muhira

Leave a Reply