Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Abarundi basanzwe baba mubihugu vyo kumugabane wa Amerika hamwe n’umugabane wa Buraya ndetse na Africa babandanya berekana ugufatana munda aho baguma bunamira abarundi isinzi baguye mubwicanyi bumaze igihe mu Burundi.

Kuruyu wagatandatu ,itariki 19 kigarama kakaba kabaye akanya keza ku barundi basanzwe baba mugisagara ca BOSTON ,ko kwifatanya n’abagenzi babo mugikorwa co kwibuka abarundi bose baguye mubwicanyi bwari bumaze igihe mu Burundi.

Nkuko tubikesha abari murico gikorwa ,batumenyesheje ko ico gikorwa cakozwe muntumbero yo kwifatikanya n’imiryango yabuze yose ndetse no kwibuka  abantu bose baguye muryane uBurundi n’abarundi bamazemwo amezi arenga 8.

Iki gikorwa rero kikaba kibandanya kuba mubihugu vyishi vyo kw’isi aho ahasanzwe haba abarundi baja hamwe bakibuka abarundi basize ubuzima muryane uBurundi buhitiyemwo.

Tubibutse ko Boston isanzwe ari umugwa mukuru w’intara ya Reta Zunze Ubumwe bwa Amerika ariyo  Massachusett.

Raba hasi mumafoto uko ico gikorwa cari cifashe

CWobN8jUsAAnnqiCWobOG6VAAAgy1h

 


Categories: Amakuru, Muhira, Mumakungu

Leave a Reply