Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Kuruyu wa Mungu itariki 1-11-2015 umuvugizi w’igipolice yatsindutse amenyesha abaarundi ko  hariho abantu bari baje gutera iradiyo nkuru ndetse n’imboneshakure vy’uBurundi  RTNB , ariko ngo bakaba bafashwe bateshwa uwo mugambi mubu ibara ritaragwa.

Muruko kwerekana abo bafashwe hanaciye herekanwa abantu 2 mubo bari bafashe ,hongera herekanwa n’inkoho nyishi cane ndetse hanarimwo ibikoho binini binini .

Umuvugizi w’igipolice bwana Pierre Nkurikiye akaba yabandanije amenyesha ko abo bafashwe bari basanzwe bafise umugambi wo kwonona bimwe muvyuma imboneshaka kure RTNB isanzwe ikoresha ,ariko ngo abajejwe umutekano bakaba bahabereye magabo babafata batariha iryo bara.

Amafoto ya bamwe mubafashwe hamwe n’inkoho bafatanwe

Abari baje gutera Imbonesha kure RTNB bafashwe batarakora iryo bara. 12193275_503909329792061_786025955318892410_n (1)

 

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply