Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Turi kuwagatandanu igenekerezo rya 13 ruhuhuma 2016, muri Zone ya Ngagara ,inkozi zikibi zari zije gutera ama grenade muriyo zone zishaka ikirindiro c’abasirikare bo muriyo zone zahitanye umwana akiri muto cane bongera bakomeretsa umuvyeyi wiwe bimwe bikomeye.

Nkuko amakuru ava ngaho abimenyesha ,amenyesha ko uyu mwana hamwe numuvyeyi wiwe baguye murico gitero mugihe uyu muvyeyi wiwe yarajanye nyakwigendera kwimwesha muri  salon de coiffure yegereye ngaho hari ikirindiro c’igisirikare.

Uyu mwana n’uyu se wiwe bakaba baciye barwa mugwa murico gitero ca Grenade ariko umwana akaba atagiriwe amahigwe yo kubandanya abaho kuko yaciye yitaba Imana mugihe umuvyeyi wiwe nawe yakomeretse cane ubu ariko aravurirwa mu botaro vya Médecins Sans Frontières.

Umwana yaguye murico gitero ca Grenade

Umwana yaguye murico gitero ca Grenade

 

1

Iyi nkuru yongeye kwemezwa na SOS media Burundi

Tubibutse ko iki kigira igitero ca gatatu kibaye mugisagara ca Bujumbura ,aho kimwe cabereye mugisagara hagati ca Bujumbura ,ikindi mu Buyenzi mugihe ikindi kibereye mu Ngagara,Ibi bitero vyama grenade bikaba bibandanya kwiha inkumbi mugisagara ca Bujumbura  na cane cane abanyagihugu bakaba babandanya kurwa mu mporero.

Fyonda ngaha udukurikirane kuri Facebook uzoze uraba uwambere mukuronka amakuru yacu

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Muhira

Leave a Reply