Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Abapolisi bo mugihugu c’Ubuhinde,kimwe mubihugu biromwo abantu benshi cane kw’isi kikongera kikaba muri kimwe  mubihugu bikunze kubamwo uguhangana gukomeye hagati y’abapolisi n’abenegihugu baba bariko barakora imyigaragamvyo ,igipolisi cico gihugu catanguye umugambi mushasha wo kurekurire aba Polisi gukoresha amatopito muntumbero yo guhangana nabazoba bari mu myigaragamvyo.

Iki gikorwa catanguriye mu maburaruko bw’igihugu c’uBuhinde mu Ntara ya Haryana imwe mu ntara isanzwe yegereye cane umurwa mukuru w’igihugu c’uBuhinde ,New Delhi.

Nkuko vyatangajwe na Abhishek Jorwal umurongozi mukuru w’inzego zigipolisi mu Ntara ya Haryana yamenyesheje ko iki gikorwa bategerezwa kugitanguza vuba cane bishoboka ndetse ko aba Polisi batari bake bamaze guhabwa inyigisho n’ubumenyi bwo  guhangana nabazoba bari mu myiyerekano canke imigumuko hakoreshejwe amatopiti.

Aba Polisi bigishijwe ingene boza barakoresha amatopiti mukurwanya abazoba bari mumyiyerekano

Aba Polisi bigishijwe ingene boza barakoresha amatopiti mukurwanya abazoba bari mumyiyerekano

Abhishek Jorwal yabandanije amenyesha ko aya ma topiti ariyo azoca asubirira inkoho hamwe n’ivyuka bikoroza amasozi.

Ibi bibaye inyuma yigihe kitari gito igipolisi c’igihugu c’uBuhinde gikundwa kwagirizwa ugukoresha inguvu harimwo no kurasa amasasu yica mubanyagihugu baba bagiye mu myiyerekano na cane cane mu Ntara zo Mu buraruko nka Punjab na Haryana ndetse na Rajashtan .

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Leave a Reply